Uwari Perezida w’uburundi Pierre Nkurunziza yapfuye.

Haciye isaha 1

Umukuru w’igihugu c’u burundi yitavye Imana mu bitaro vyo mu Karusi.

Nk’uko itangazo risohowe na leta ribimeneysha, urwo rupfu rwabaye ejo ku wa 08 z’ukwa gatandatu inyuma y’umutaga.

Iryo tangazo rivuga ko yahitanywe n’indwara y’icaduka yatumye umutima uhagarara.

Mw’iryo tangazo, leta ivuga ko ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 06 z’uku, Perezida Nkurunziza yiriwe ameze neza, mbere akaba yaragiye kurorera urukino rwa volleyball i Ngozi.

Riti : « Niho rero mw’ijoro ryo kuri uwo wa 06/06/2020 rishira uwa Mungu yumva atameze neza aca anyarukira ku bitaro vyo mu Karusi kwivuza ».

« Ku wa Mungu yiriwe ameze neza mbere aranaganira n’abantu ».

« Iryo tangazo rivuga ko ibintu vyagiye guhinduka mu masaha y’igitondo c’ejo k uwa mbere aho umutima wahagaraye.

Rivuga ko abaganga bagerageje kumuhembura ariko bikaba ivy’ubusa.

Guverinoma y’u Burundi yatangaje ikigandaro c’iminsi ndwi.

Urwo rupfu ruje inyuma y’iminsi itari mike hari amakuru yakwiriye ku mbuga ntangamakuru ko hari bamwe mu bategetsi muri leta y’u Burundi boba baranduye coronavirus.

Mu bavugwamwo harimwo n’umuryango w’umukuru w’igihugu, ariko ayo makuru yose akaba yarahakanywe.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza igenekerezo 28 z’ukwezi gushize kwa gatanu yatwawe i Nairobi muri Kenya kuvurwa indwara itaramenyekana gushika ubu.

Mu mpera z’indwi iheze, humvikanye ubutumwa (audio) bivugwa ko ari ubwa Madamu Nkurunziza yarungikiye abasengera mu itorero rimwe na we, abamenyesha ko amaze gutora mitende kubera ko bamusengeye.

AHAVUYE ISANAMU,GETTY IMAGESInsiguro y’isanamu,

Pierre Nkurunziza na Denise Nkurunziza bafite abana batanu

Muri ubwo butumwa ntavuga aho arwariye.

Ku igenekerezo rya 20/08/2020, Bwana Nkurunziza yagombaga guhererekanya ubutegetsi na Evaritse Ndayishimiye aheruka gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze.

Nkurunziza ni muntu ki?

Pierre Nkurunziza ubu w’imyaka 55, se wiwe yarabaye umushingamateka mu nama nshingamateka y’u Burundi yicwa mu bwicanyi bwo mu 1972, nawe arokoka ubwicanyi bwo mu 1993, ico gihe akaba yari umwigisha kuri kaminuza y’u Burundi, maze aca yinjira mu nyeshamba zitwa FDD zegukira umuhari CNDD.

Mu 2003 izi nyeshamba zateye igikumu na Leta ku masezerano y’amahoro ya Arusha yumvikanyeweko mu 2000 zinjizwa muri leta, Pierre Nkurunziza yari umuyobozi wazo agirwa umushikiranganji w’intwaro ibereye.

Igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa munani 2005 yatowe ku rugero runini n’abari bagize inama nshingamateka, aca arahira ku wa 26 z’uko kwezi nyene, aba umukuru w’igihugu agira umunani w’u Burundi.

Bwana Nkurunziza yashakanye na Denise Bucumi Nkurunziza bafite abana batanu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *